Youth has power.

Fond du Lac, WI
Joined February 2025
#GuyDarcy_Nibogora a prêté serment de sauver des vies, mais arrivé à l’hôpital Kira, il est au cœur des réseaux qui insultent son pays 🇧🇮, lequel lui a offert une formation gratuite, de l’école primaire jusqu’à l’université, juste pour monnayer un visa Schengen.
27
Inamuco Ange Delicia retweeted
Umukuru w'igihugu c'Uburundi Nyenicubahiro Evariste #Ndayishimiye , yaragendeye ibibanza vyiwe yororera mwo amafi, ku musozi Canzikiro muri komine ya Karusi, mu ntara ya @Gitega . Ico gikorwa kiragaragaza neza akamaro ko kworora amafi kuko ari kimwe mu migambi yo kurwanya inzara mu #Burundi .
48
69
2,055
Inamuco Ange Delicia retweeted
29
41
1,102
Inamuco Ange Delicia retweeted
U #Burundi bwahimbaje kuri uyu wa 21 Gitugutu 2026 imyaka 33 irangiye Incungi ya demokarasi, Nyenicubahiro Melchior #Ndadaye agandaguwe, akaba yari Umukuru w'igihugu c'Uburundi wa mbere yatowe muri demokarasi. Ibirori vyatangujwe no gushira urugori rw'amashurwe na Nyenicubahiro @GeneralNeva ku ntatemwa y'incungu ya demokarasi i #Bujumbura , mu kibanza citiriwe Abamaratiri ba demokarasi.
1
35
45
1,217
Inamuco Ange Delicia retweeted
Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, ku muhingamo w’uwa 20 Gitugutu 2026, yarateye iteka ibirori vyo kumenyekanisha abagize umugwi w’igihugu ujejwe ivy’uguteramisha abantu biciye mu tugenegene dutandukanye harimwo n’imvyino ndangakaranga (Ballet national), vyateguwe n’Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo imico kama. Uwo mugwi ugizwe n’abatunganya ibikino, abahinga mu gutunganya imvyino bazwi kw’isi yose, abanditsi b'ibikino vy’ivyese, abatamvyi, abateramisha abantu mu kubatwenza, abivuga amazina hamwe n’abatimbo, warashikirije igiteramo c’agakura, carimwo n’umurisho w’ingoma z’Uburundi, zikaba ari ikimenyetso kiranga Uburundi n’itunga ry’imico kama y’Abarundi. Imbere y’isinzi ry’abarorerezi bari banezerewe, urwaruka rw’abahinga rwarerekanye ibikino bitandukanye, bibereye ijisho, birimwo ivyivugo, imvyino za kera, hamwe no kwerekana ingene Abarundi bagwanije abakoroni, n’ingene Bihome yiguze umwami. Ivyo vyose vyahurijwe hamwe mu mvyino zitunganijwe neza, zikaba zakiranywe akanyamuneza n’amashi menshi y’abarorerezi, muri abo harimwo abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abarongoye inzego zitandukanye z’igihugu hamwe n’urwaruka. Mw’ijambo yashikirije, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro @GeneralNeva, yarashimikiye cane ku kamaro k’imico kama n’imigenzo, avuga ko ari yo nkingi igihugu n’ikibano vyubakiyeko. Yaribukije ko gusubira kwitwararika imico kama bifasha Abarundi kurushiriza kumenya akaranga kabo, gukomeza ubumwe n’ukwumvikana, mbere bigafasha no gutsimbataza intwaro ibereye. Vyongeye, Nyenicubahiro @GeneralNeva, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, yarashimikiye rwose ku kamaro ko kwubaka ikigo c’igihugu kijejwe kubungabunga no guteza imbere imico kama, kugira ngo akaranga k’Uburundi kazigamwe kandi kamenyekanishwe. Yaravuze kandi ivy'ibikomere vyasizwe n’intwaro y’abakoroni, aca ahamagarira ibihugu vyacuzwe bufuni na buhoro be n’ivyo vyabikoze kurengera kahise kababaje, bifatanye mu kwubaka isi ihuriyemwo bose, bafatanye mu nda, bubahana, bafashanya kandi batahurana.
1
48
74
2,702
Inamuco Ange Delicia retweeted
Ibirori bihimbaza imyaka 33 irangiye Incungu ya demokarasi Nyenicubahiro Melchior Ndadaye agandaguwe, vyabandanirije mu nkuka ya misa yasomwe na Musenyeri Gervais Banshimiyubusa kuri cathédrale Régina Mundi. Umukuru w'igihugu c'U #Burundi yari yitavye ico gisabisho ari kumwe n'inzego zitandukanye z'igihugu, umuryango w'umuhisi Nyenicubahiro Melchior Ndadaye, hamwe n'abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi.
29
37
3,145
Inamuco Ange Delicia retweeted
Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro @GeneralNeva, yakiriye ku kirimba Kwa Ntare Rushatsi, kuri uyu wa 22 Gitugutu 2026, Umuserukizi adasanzwe w’igihugu ca Türkiye afise icicaro mu Burundi, Nyakwubahwa Haydar Kerem Divanlıoğlu, yari aje kumushikiriza amakete amwemerera guhagararira igihugu ciwe mu Burundi. Uwo muserukizi wa Türkiye mu Burundi rero, yaboneyeho gushikiriza Umukuru w’Igihugu c’Uburundi indamutso za mugenzi we wa Türkiye, Nyenicubahiro Recep Tayyip Erdoğan. Mu kiyago c’abo benivyubahiro, baganiriye ku migenderanire myiza n’ugufashanya biri hagati y’Uburundi na Türkiye, bongera barabira hamwe ingene yoshobora kurushiriza gukomezwa. Baganiriye kandi ku nama izohuza Türkiye n’ibihugu vya Afrika, itegekanijwe mu kwezi kwa Kigarama i Tripoli, ikazorongorwa na Nyenicubahiro @GeneralNeva, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba n’Umukuru w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika, ari kumwe n’Umukuru w’igihugu ca Türkiye.
37
43
1,308
Inamuco Ange Delicia retweeted
Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba n’Umukuru w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika, Nyenicubahiro @GeneralNeva, yakiriye kandi mu ngoro Kwa Ntare Rushatsi, kuri uyu wa 22 Gitugutu 2026, Nyakwubahwa Christopher Faircloth, Umuserukizi mushasha w’Ikigega Mpuzamakungu (FMI) mu Burundi. Mu kiganiro bagiranye, barabiye hamwe ingene ugufashanya hagati y’Ikigega Mpuzamakungu FMI n’Uburundi vyifashe hamwe n’uko FMI yoshigikira mu gushira mu ngiro imigambi y’iterambere ry’Uburundi. Nyakwubahwa Christopher Faircloth yavuze ko ahimbawe n’ukuza gukorera mu Burundi kandi ko yiteguriye gukorana neza na Reta y’Uburundi, mu gushigikira utwigoro two guteza imbere uko abanegihugu babayeho. Ku bwiwe, Uburundi burafise ibintu vyinshi n’amahirwe menshi yotuma igihugu gitera imbere vuba igihe vyovyazwa umusaruro
33
37
1,245
Inamuco Ange Delicia retweeted
Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba n’Umukuru w’Umuryango w’Ubumwe bwa Afirika, Nyenicubahiro @GeneralNeva, yahaye umubonano, kuri uyu wa 22 Gitugutu 2026, mu ngoro Kwa Ntare Rushatsi, Umupfasoni Serap Güler, icegera c’Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu mu Budagi, ari mu rugendo mu Burundi, mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire n’ugufashanya hagati y’ibihugu vyompi. Ibiganiro bagiranye vyibanze ahanini ku gukomeza gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubudagi, ku bijanye n’umutekano muri Afirika, ku bijanye n’ubwinshi bw’impunzi z’Abanyekongo mu Burundi, hamwe no ku migambi y’iterambere ry’igihugu. Umukuru w’Igihugu yasavye Ubudagi gushigikira Uburundi mu gushira mu ngiro imigambi y’iterambere bwashize imbere, canecane iyerekeye guteza imbere ubushobozi bw’urwaruka ngo bwiremere imigambi yo kwiteza imbere mu vy’ubutunzi, kunagura inzu Ndangakaranga y’Igihugu iri i Gitega, gutanga amazi meza no mu vyo gucukura ubutare. Umupfasoni Serap Güler yashimye intambwe Uburundi bumaze gutera mu bijanye n’ugusubiza hamwe, kwakira impunzi, hamwe n’uruhara Uburundi buriko buragira mu kugarukana amahoro aho yahungabanye muri Afirika. Yamenyesheje kandi ko Ubudagi buzoshigikira mu kubaka inzu Ndangakaranga ya kijambere y’igihugu i Gitega, hamwe no gutanga imfashanyo y’amahera y’Abanyaburaya angana 500.000 agenewe ibikorwa vyo gufasha abari mu bihe bikeneye ubutabazi.
39
45
761
Inamuco Ange Delicia retweeted
Tugaruke ku masanamu yaranze ikigo c'ubudandaji Kaze New Trade Center (KNTC) co kwi Jabe muri @CommuneMukaza25 mu ntara ya @Bujumbura cuguruwe icese n'Umukuru w'igihugu, Nyenicubahiro Evariste #Ndayishimye kw'igenekerezo rya 13 Gitugutu 2026. Umurwizatunga Ali Hussein, yubatse ico kigo k'uburinganire bwa hegitari imwe, ku mahera angana n'imiriyaridi 18, abifashijwemwo n'ingurane ya Fin bank na ADB. Ico kigo kirimwo inyubako nyinshi zitandukanye, ibibanza 130 vy'imiduga, amabanki, aho kwinonora imitsi, ibirabo, isoko, n'aho bagurisha imiduga igendeshwa n'Umuyagankuba. Nyenicubahiro Evariste Ndayishimye yarakeje uyo murwizatunga kubera uyo mugambi mwiza ujanye n'imbonakazoza y'Uburundi 2040-2060
2
38
59
4,969
Inamuco Ange Delicia retweeted
Umukuru w'igihugu Nyenicubahiro Evariste Ndayishimye (@GeneralNeva) yakoranije kuri uyu wa 23 Gitugutu 2026 ku kirimba ikiriri, inama ya mbere y'umurwi ukurikirana ibijanye no kurwanya ibiturire mu #Burundi. Ico ni ikimenyetso kitabesha cerekana yuko Uburundi bwahagurukiye intwaro ibereye be no gushira ahabona amatungo ya Reta.
2
33
5
35
5,350
Inamuco Ange Delicia retweeted
Ku wa 23 Gitugutu 2026, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba n’Umukuru w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, yarahaye umubonano ku kirimba c’i Kiriri, Muganga Hohani Kaseya, Umuyobozi Mukuru w’Ibigo vya Afirika bijejwe kugenzura no gukinga indwara (Africa CDC). Muri uwo mubonano, kabaye akaryo ko kurabira hamwe uko ikiza ca Ebola kiriko kirakwiragira, kikaba giteye impungenge cane n’umutima uhagaze kubera ubukari bwaco n’igitigiri c’abantu kimaze guhitana. Nk’uko vyashikirijwe muri uwo mubonano, ico kiza kimaze guhitana abantu bashika ku 4.600. Hariko harategurwa inama y’Abakuru b’ibihugu kugira ngo barabire hamwe ingingo zihutirwa zofatwa mu kurwanya ico kiza no guhagarika ikwiragira ryaco. Inyuma y’ico kiyago, Muganga Yohani Kaseya yashimiye Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi ku mpanuro zitomoye no ku ntumbero yatanze, mu ntumbero yo gukomeza ingingo zo guhangana n’ico kiza ca Ebola no gukingira amagara y’abantu.
1
38
44
818
Inamuco Ange Delicia retweeted
Itangazo rijanye n'urugendo rwa Nyenicubahiro Evariste #Ndayishimiye (@GeneralNeva ), Umukuru w'igihugu c'U #Burundi akaba n'Umukuru w'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika ( @_africanunion ) rumushikana i Bahir Dar, mu gihugu ca #Ethiopie .
25
30
732
Inamuco Ange Delicia retweeted
Umukuru w'igihugu c'U #Burundi akaba n'Umukuru w'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika ( @_AfricanUnion ) Nyenicubahiro Evariste #Ndayishimiye ( @GeneralNeva ) yafashe indege imushikana i Bahir Dar, mu gihugu ca #Ethiopie . Agiye mu nama nkuru igira 12, yama iba buri mwaka, yihweza ivyerekeye umutekano muri Afrika.
1
43
48
1,670
Inamuco Ange Delicia retweeted
Umukuru w'igihugu c'U #Burundi akaba n'Umukuru w'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika Nyenicubahiro @GenerNeva , yashitse mu gihugu ca #Ethiopie , mu bikorwa vy'inama nkuru igira 12 y'i Tana ku vyerekeye umutekano muri Afrika. Ku kibuga c'indege mpuzamakungu Dejazmach Belay Zeleke ca Bahir Dar, yakiriwe n' Icegera c'Umushikiranganji wa mbere, Nyakubahwa Temesgen Tiruneh, n'izindi ntumwa z'Abarundi bari mu gisagara ca Tahir Dar bari baje kumwakira.
28
35
1,865
Inamuco Ange Delicia retweeted
Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba n’Umukuru w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika, Nyenicubahiro @GeneralNeva, yitavye Ihuriro rigira 12 ry’indongozi zo ku rwego rwo hejuru, ryerekeye Umutekano muri Afirika, ryabereye i Tana, mu gihugu ca Etiyopiya, ku civugo kivuga giti: «Inzira zishikana ku mahoro muri Afirika: ukwigenga mu vy’ubutunzi n’ihinduka ry’imigenderanire y’ibihugu kw’isi». Iryo huriro ritegurwa n’Ubunyamabanga bwaryo i Tana, hamwe n’Ikigo c’Inyigisho ku Mahoro n’Umutekano (IPSS) co muri kaminuza y'i Addis-Abeba. Ni inama iba buri mwaka, igahuza abakuru b’ibihugu n’izindi ndongozi zo muri Afirika, abahinga, abanyabwenge bo mu makaminuza hamwe n’abafatanyabikorwa batandukanye b’ibihugu n’inzego zo muri Afirika. Intumbero yayo ni uguteza imbere inyishu zifatiye ku bushobozi bwa Afirika mu gutorera umuti amatati n’intambara ziba kuri uwo mugabane. Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ni we yashikirije ijambo ryo kwugurura ku mugaragaro iryo huriro rigira 12 ry’i Tana, kw’izina ry’Umukuru w’Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afirika. Mw’ijambo ryiwe, yashimikiye cane ku bice bitandukanye vyo muri Afirika birangwamwo amatati n’intambara, nko mu bihugu vya Sudani na Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC). Yerekanye ko bikenewe cane ko ayo matati n’intambara bihagarikwa mu maguru masha. Muri iyo ntumbero, yarasavye abari muri iryo huriro kwitaho akamaro k’imburi zitangwa hakiri kare, kugira ngo hatunganywe ibikorwa bifadika kare, mu ntumbero yo gukinga amatati no kuyahagarika atarunyuka.
1
32
49
7,495
Inamuco Ange Delicia retweeted
Le Chef de l’Etat burundais, Son Excellence Evariste Ndayishimiye, a rehaussé de sa présence, ce 20 octobre 2026, la cérémonie de présentation des membres du Ballet national, organisée par le ministère en charge de la Culture. Composé de metteurs en scène et de chorégraphes de renommée internationale, d’auteurs de pièces de théâtre, de danseurs, de comédiens, de poètes et de tambourinaires, le Ballet national a offert un spectacle mettant à l’honneur l’Ingoma, le tambour sacré du Burundi, symbole de l’identité et du patrimoine culturel burundais. Sous les regards admiratifs du public, les jeunes artistes ont livré une prestation riche et variée, mêlant poésie, danses traditionnelles et reconstitution de luttes historiques contre les envahisseurs coloniaux, ainsi que le sacrifice de Bihome. L’ensemble a donné lieu à une chorégraphie harmonieuse, saluée par les applaudissements des spectateurs, parmi lesquels figuraient des diplomates accrédités au Burundi, de hautes autorités du pays et des jeunes. Dans son allocution, le Chef de l’Etat burundais, SE @GeneralNeva, a souligné que les valeurs culturelles et les traditions constituent les fondements de la société. Il a rappelé que le retour aux racines culturelles permet aux Burundais de mieux connaître leur identité, de renforcer leur cohésion et de renouer avec une gouvernance saine. Par ailleurs, SE @GeneralNeva, Chef de l’Etat burundais a insisté sur l’importance de construire un centre national du patrimoine culturel afin de préserver et de valoriser l’identité burundaise. Evoquant les blessures héritées de la colonisation, il a invité les pays colonisateurs et les pays colonisés à dépasser ce passé douloureux et à unir leurs efforts pour construire, comme un seul peuple, un monde intégré, fondé sur le respect mutuel, la solidarité et la compréhension entre les peuples.
1
84
125
10,843
Inamuco Ange Delicia retweeted
80
98
3,280
Inamuco Ange Delicia retweeted
Les cérémonies de commémoration du 33ᵉ anniversaire de l’assassinat du Héros de la démocratie, Son Excellence Melchior #Ndadaye, se sont poursuivies par une messe de requiem célébrée à la cathédrale Regina Mundi. Cette célébration eucharistique s’est déroulée en présence du Chef de l’État burundais et Président en exercice de l’Union africaine, Son Excellence @GeneralNeva, entouré d’autres hautes autorités du pays, des membres de la famille du regretté Président Melchior #Ndadaye, ainsi que des membres du Corps diplomatique et consulaire accrédités au #Burundi. A travers cet événement, la nation burundaise rend hommage à une figure emblématique de la démocratie au Burundi
56
53
781
Inamuco Ange Delicia retweeted
Ce 21 octobre 2026, le #Burundi commémore le 33ᵉ anniversaire de l’assassinat de Son Excellence Melchior #Ndadaye, premier Président démocratiquement élu du Burundi et Héros de la démocratie. Les cérémonies commémoratives ont débuté par le dépôt d’une gerbe de fleurs par le Chef de l’État, Son Excellence @GeneralNeva, au mausolée du Héros, situé au Palais des Martyrs de la Démocratie.
4
70
106
8,246